Ishirahamwe ry’Ivyabona Vya Yehova ryerekana ubwaryo, ko ari
umurwi w’abakristo wisangi je wonyene kw’isi yose. Ubwo rero
uwo muryango, ngo nka amashengero yose, nk’ishengero
katolika canke ishengero ryaba Protestant, ngo yigisha
ibitarivyo, ngo Imana izorandura umuntu wese atari icabona
ca Yehova. Icogihe, tugenzuye uwo murwi kurivyo dusanga
barazimiye. Raba ibintu bine munyigisho z’Ivyabona vya
Yehova:
1. Ivyabona vya Yehova bahakana
inyigisho zúrufatiro rwa Bibiliya.
IVYABONA VYA YEHOVA NTIBEMERA KO YESUKRISTO ARI
IMANA. Bigisha igihushane ko; Yesu-Kristo ari
umumarayika, núkuvuga icaremwe n’Imana.
Kenshi Bibiliya yigisha neza bigaragara ko Yesu Kristo ari
umwana w’Imana. Akarorero ni mu Abaheburayo 1:8 Imana
ibarira umwana: Ubwami bwawe, O Mana, ntibuzogira; iherezo …
Niyindi mirongo ivyemeza nka; Yohana 1:1,14, 20:26-28,
Ivyakoz 20:28, Abaroma 9:5, Abaheb 1:3, 8-9.
IVYABONA VYA YEHOVA BAHAKANA IZUKA RY’UMUBIRI WA
YESU-KRISTO. Bigisha igihushane ko umubiri wa Yesu
wíyerekana. Charles Taze Russell, uwatanguje ishirahamwe
ry’ivyabona vya Yehova, avuga munyigisho ziwe: ko Yesu
yapfuye urupfu; rutabaho. (Studies in the Scripture, Vol. 5,
1899, p. 454.)
Icogihe, Bibiliya yigisha igaragaza ko umubiri wa Yesu
wasubiye kuba muzima. Turavye akarorero Luka 24:39 Raba
ibiganza; vyanje n’ibirenge vyanje ni jewe vyukuri,
nimunkoreko murabe, impwemu ntigira inyama na amaraso, nkuko
mumbona ndi “soma Yohana 2:19-21, Yahana 20:26-28, 1
Abikorint 15:6,14.
IVYABONA VYA YEHOVA BAHAKANA MPWEMU YERA KO ATARI IMANA. Bigisha bavuga igihushane ko Mpwemu Yera afise ubushobozi
kuruhande rwiwe nkakurya kw’ubushobozi bw’umuriro
w’umuyagankuba.
Ubwo rero Bibiliya iragaragaza ko Mpwemu Yera ari Imana,
Ivyakozw 5:3-4 Petero avuga ari: Ananiya kubera iki satani
yuzuye umutima wawe, kugirango uhende Mpwemu Yera sabantu
uheze ariko uhenze Imana, soma Yohana 14:16-17, 16:13-15,
Abaroma 8:26-27, 2 Abikorinto 3:6,17-18, Abanyefeso 4:30.
IVYABONA VYA YEHOVA BAHAKANA AGAKIZA KO ATARI INGABIRE
Y’IMANA KO ARI INTSINZI CANKE UKUGOMBA. Bavuga igihushane,
ko twokwifatanya tugahinduka abo mw’ishirahamwe ry’ivyabona
vya Yehova ngo tukaba duhunze urubanza.
Kenshi Bibiliya yigisha kumugaragaro ko agakiza atari
itsinzi canke ukugomba ariko n’ingabire y’Imana. Abanyefeso
2:8-9 ni kubwu ubuntu bwatumye mukizwa kubw’ukwizera
ntivyavuye kuri mwebwe, n’ingabire y’Imana, sikubw’ibikorwa,
kugirango ntihagire uwirarira. Soma Abaroma 4:1-4,
Abigalatiya 2:16, Tito 3:5.
IVYABONA VYA YEHOVA BAHAKANA UMURIRO W’IMANA KUBANTU
BACUMUYE. Bavuga kko abanyavyaha bazokurwaho ntibabe
bakibaho.
Ariko Bibiliya ivuga neza k’umuriro w’ibihe bidashire
kubantu bacumuye Matayo 25:41-46 kandi azobwira abari
ibumoso ati: mviruhande mugende mumuriro wibihe vyose
wateguriwe satani nabantu; biwe ... nirwo ruzoba urupfu
rw’ibihe bidahera, ariko abagororotsi ni mubugingo budashira.
Soma Matayo 18:8-11, 2 Tesalonike 1:8-9, Ivyahishur
14:10-11, 20:10,15.
IVYABONA VYA YEHOVA BAHAKANA KO UMUNTU N’IMPWEMU YIWE KO
BITAZOSUBIRA KUBAHO AMAZE GUPFA. Bigisha igihushane
kubugingo bw’umuntu iyo apfuye ngo nicokimwe n’ibikoko.
Ubwo kenshi Bibiliya ivuga neza ko mpwemu ariwe muntu iyo
umuntu apfuye ashishikara kubaho mubundi buryo amaze gupfa:
soma 2 Abikorinto 5:8, Turushirize gukundana no kugiriranira
ubumwe kuko nitwamara kuva muruyu mubiri tuzokwibera
iruhande y’Umwami. Soma Luka 16:19-31, Abifilipi 1:23-24,
Ivyahishh 6:9-11.
IVYABONA VYA YEHOVA BIGISHA YUKO UBUGINGO BUDASHIRA ARI
MUKWIYEREKANA KW’IMANA MUGITIGIRI GITOYA CATORANIJWE. Bemeza
ko hari umurwi ugizwe nigitigiri 144.000 bo muvyabona way
Yehova bavutse ubwakabiri bazobana n’Imana ibihe bidashira
mw’ijuru. Ngo ibindi vyabona vya Yehova basigaye bose
bazoguma kw’isi.
Ariko Bibiliya ivuga neza ko abantu bose bemeye kwizera Yesu
Kristo bazobaho ibihe vyose hamwe n’Imana. Bibiliya yerekana
umurwi munini atawoshobora kuwuharura. Ivyahish 7:9-15
Inyuma yivyo nditegereza bona abantu benshi cane,
atawoshobora kubaharura bo mumoko yose, na amahanga yose,
nindimi zose, bahagaze imbere y’intebe y’Imana bamukorera
kumura ngo no nw’ijoro murusengero rwiwe: soma Yohana 3:15,
Yohana 5:24, 12:26, Abanyef 2:19, Abigilipi 3:20,
Abikolosayi 3:1, Abaheburayo 3:1, 12:22, 2 Petero 1:10-11.
IVYABONA VYA YEHOVA BAHAKANA KO BITATU BIBA KIMWE KO ABANTU
BATATU BABA IMANA (UBUTATU) BAVUGA KO UBUTATU ARI UMUGEZO WA
SATANI. Barataye umurongo w’ivyanditse vyerekana ko Yesu ari
Imana ko na Mpwemu Yera ari Imana.
Muricogihe, Bibiliya ivuganeza ko umwana na Mpwenu Yera ari
Imana mururwo rugezo rwose. Yohana 1:1, 20:28, 1 Yohana
5:20, Ivyakozw 5:3-4, Bibiliya ivuganeza ninko mezi ko ari
Imana imwe yonyene Yesaya 43:10, 44:6-8 nahandi ivugako
bitatu bigize Imana Kimwe - Ubutatu.
Ubwo ntibiteye ubwoba gukurikira ishirahamwe rihakana
urufatiro rwa Bibiliya?
2. Ivyabona vya Yehova babeshera Bibiliya.
Umurongo w’Ivyabona vya Yehova bashishikara gukwiza amajambo
y’ibinyoma ahushanye na Bibiliya. Ivyabona vya Yehova
bakoresha icobita ihinduka ry’isi shasha. Iryo shirahamwe
rigararize bigaragara muguhindura imirongo yo muri Bibiliya.
Iryo hindurwa bagerageje kunyegeze munyigisho y’Ivyabona vya
Yehova ariko Bibiliya ntibesha.
| EHERABA URUTONDE BAGERERANIJE MUMIRONGO Y’IGIRAKAMARO MURI BIBILIYA YERA HAMWE NIMIRONGO YAHINDUWE MW’ISI SHASHA Y’IVYABONA VYA YEHOVA | |
| BIBILIYA YERA | IHINDURWA RY’ISI SHASHA |
|
Yohana 1:1 — “Ubwambere na mbere jambo yariho, kandi
uwo jambo yahoranye n’Imana, kand’uwo jambo yari
Imana.” Ahotubona neza ko Yesu ari jambo ari Imana. |
Yohana 1:1 — “Ubwambere na mbere jambo yariho,
kand’uwo jambo yari kumwe n’Imana kand’uwo jambo
yari ku Mana.” Ihinduka ngo yarikoze mugushigikira iciyuviro c’Ivyabona wya Yehova bafatirako ko Yesu atari Imana. |
|
Abikolosayi 1:16 — “kuko muriwe ariho vyose
vyaremewe … vyose kuriwe niho vyaremewe kandi
kubwiwe.” Aha higisha ko Yesu ari umuremyi wa vyose ariko we ntiyaremye. |
Abikolosayi 1:16 — “Kuko kubwuburyo bwiwe ibintu
vyose vyararemye nibindi vyose vyararemye biciye
kuriwe no kubwiwe.” Ivyaboma way Yehova barakosheje mukwogeramwo ijambo “ibindi” kugirango bashigikire inyigisho zabo zibinyoma ko Yesu ari umumarayika yaremwe. |
|
Abaheburayo 1:8 — “Ariko yabwiye umungu wayo ubwami
bwawe Mana buhoraho.” Vyerekana ko Imana Data yise Yesu umuhungu wayo “Imana.” |
Abaheburayo 1:8 — “Ariko kuvyerekeye umuhungu: Imana
niyo nganji yawe ibihe vyose.” Ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova urutonde rw’amajambo kugirango banyegeze ko Yesu ari Imana. |
Ubwo
ntibiteye ubwoba gukurikira ishirahamwe ricishamwo umurongo
muvyanditswe vyera?
3. Ivyabona Vya Yehova Bavugako
Ivyavigishijwe Bi Dashobora Gushika Vyose.
Abarongozi b’Ivyabona vya Yehova bemeza bavuga ko muri iri
zina Yehova hamwe n’ubushobozi bw’ivyavugishijwe ngo ariko
vyinshi ko bidashobora gushika. Akarorero, nkivya
Haramagenoni n’ivyimpera y’isi ngo vyari kuba 1975. Ivyo
vyerekana ubuzimire bwabo, hamwe nivyo Ivyabona way Yehova
bunomusi bari musi cane y’ubuzimire bw’ubutumwa bwiza. Kandi
biroroshe cane kubisuzuma ufashijwe nivyanditse vyera.1
Ishirahemwe ry’Ivyabona vya Yehova bagereranya ko umuhero
w’isi wobaye; muri 1914 na 1915 canke 1918 canke 1948.
Bavuga ko Aburahamu, Isaka, na Yakobo bari kuzuka muri 1925.
Ubuvugishwa bwabo ntibwashitse namba.2 Bibiliya ivuga ko
umuvugishwa avuga ibintu ntibibe vyerekana ko ari
umuvugishwa w’ibinyoma. Gusubiramuvyagezwe 18:21-22.
Ubwo ntibiteye ubwoba gukurikira umuryango uvuga
ubuhanuzi budashobora gushika?
4. Umuryango w’Ivyabona vya
Yehova bakora bakoresheje ubushobozi bwabo.
Ubwo rero igitigiri kinini cabo c’ivyavugishijwe
ntivyashoboye gushika. Ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova
bavuga inyigisho zabo zisangije nizindi dini abo bavuga ko
aribo bonyene ari; abakristo bukuri. Ivyabona vya Yehova
bemeza ko aribo bonyene bigisha ivyukuri vy’impwemu. Bigisha
yuko utemera kwifatanya n’umuryango wabo ko ibiri kw’isi
bizosambuka mugihe ca Haramagedoni kirestse Ivyabona vya
Yehova.
Ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova ryerekana kuruhande
rw’abanywanyi bayo kwemera ko atakwakira namba amategeko;
yikintu nakimwe gisobanurwa muri Bibiliya bimenyeshwa nuwo
muryango.
Akarorero, umuryango w’Ivyabona vya Yehova ntibemera gutanga
amaraso, umwe mu vyabona vya Yehova arapfa canke bakamureka,
arareka abana biwe bagapfa hako babatera amaraso
mugukurikiza iryo tegeko. Ariko ivyanditse ntivyerekana
namba ko guterwa amaraso bibujijwe. Ishirahamwe ry’Ivyabona
vya Yehova rivuga ko icabona cose ca Yehova azokwica iryo
tegeko zaosamburwa nugihe ca Haramagedoni mugihe c’imanza
z’umuhero.
Nicogituma abarongozi babo bakorana ubwoba ko bigoye kwakira
no kugumya mukwemera iryo tegeko ryuwo muryango. Abarongozi
b’ivyabona vya k’uvyumujero w’isi n’impera yisuzumwa ubwoba
bwabo bukurikira.
Ubwo ntibiteye ubwoba gukurikira umuryongo
ushaje mubushobozi bwawo muburyo bwo guhanwa?
Hariho ibice bine biteye ubwoba vy’impwemu biri
mw’ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova. Ushobora kwibaza
kubibazo bikurikira: Niki ubutumwa bwiza bwa Bibiliya? Ibice
bine bikurikira vyerekana ukuri kw’ubutumwa bwa Yesu Kristo
nkuko Bibiliya Yera ibivuga.
GUTE TWORONKA AMAHORO HAMWE N’IMANA
Inkuru ya Bbibliliya yerekana ibintu bine bigaragara:
1. Ivyaha vyacu nivyo bidutandukanya n’Imana mukubaho
kw’ukuri.
Kuko twese twacumuye m’urubwo bwiza bw’Imana Abaroma 3:23
Kandi ingero y’icaha, n’urupfu, ariko ingabire y’Imana,
n’úbugingo budashira buboneka muri Yesu Kristo umukiza wacu.
Abaroma 6:23.
2. Ntidushobora kwikiza ubwacu.
Ntidushobora kwitunganya imbere yiwe ubwacu kubw’ibikora
vyivyagezwe, kuko ivyagezwe vyashaje vyerekana icaha Abaroma
3:20.
Ntidukizwa kubw’ibikorwa vyiza twakoze, ariko dukizwa
kubw’imbabazi zayo, mumubatizo w’urunganwe tugatunganwa
kubwa Mpwemu Yera. Tito 3:5.
3. Yesu Kristo n’inyishu y’Imana kubw’ivyaha vyacu.
Kuk’urukundo Imana yakunze abaari mw’isi asirwo rwatumye
itanga umwana wayo w’ikinege uwumwizera wese ntazapfe rubi,
ariko ahabwe ubugingo budashira. Yahana 3:16
Yesu yababajwe rimwe kubw’ivyaha vyacu, we are umugorotsi
aba umunyavyaha, kugira ngo adushikane ku Mana. 1 Petero
3:18
4. Dutegerezwa kwakira Yesu ubwacu m’ukwizera hanyuma
tukaronka guharirwa ivyaha vyacu n’ubugingo budashira.
Arikw’abamwakiriye bose (Mw’ijambo) bakizera muriryo zina (Mw’ijambo)
yabahaye ububasha bwogucika abana b’Imana. Yohana 1:12
Niwaturisha akanwa ko Yesu ari umukiza ukizera mumutima wawe
ko Imana yamuzuye mubapfuye uzokizwa. Abaroma 10:9
ISENGESHO
Niwaba umutima wawe ukozweko nuku kuri kw’ijambo ry’Imana,
niwishure vuba na; vuba mugusenga usaba imbabazi kuvyaha
vyawe uca uhabwa ubuzima busha muri Kristo.
Isengesho ryoroshe kandi rikurongora mw’ijambo ry’ukwizera
muri Yesu Kristo kugira wakire agakiza.
Mana y’ubushozi kandi yuzuye imbabazi, ndatahuye ko mfise
ivyaha bikubabaza nakoze ijambo ryanje ni imigabo; yanje,
nsanze ntagororotse kandi ntashobora kwikiza, ndagushimiye
ko warungitse umwana wawe Yesu Kristo yaje agasesa amaraso
yiwe kubwanje, ndasavye imbabazi kubwivyaha vyanje, kandi
ndizeye muri Yesu Kristo yapfuye mukibanza canje kandi
yarazutse mubapfuye Amen.
Endnotes
1 Umunara winderetsi wa 15 Myandagaro 1968 urupapuro 499,Igikorwa cubwami,muri Rusama 1974,urupapuro.3.
2 Igihe kiri mukiganza,1906 ikinyamakuru,pp.99,101,umusi
mukuru wa Pasitori Russell,mu kinyamakuru co muri
1917,urupapuro.676,Ibanga ryaheze,1918,pp.404,485,Umunara
winderetsi,w italike 1 Nyakanga 1922,urupapuro,262,Umunara
winderesti,w italike 15 Nyakanga 1941,urupapuro.288,pp.88-90

